AISD-Burundi

AISD-Burundi

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from AISD-Burundi, Health/Beauty, Bujumbura.

Photos from AISD-Burundi's post 06/07/2026

Kuruwu wambere ,igenekerezo rya 6/7/2026 muri zone burarana, commune matongo, intara ya Butanyerera, ishirahahamwe AISD ryatanze ibikoresho bigizwe n'imyambaro, n'udusakoshe n'amakaramu kubasanzwe bakwirikirana ibikorwa vy'iryoshiramwe muri zone no kumitumba cokimwe n'abajejwe intwaro kumitumba no muriyo zone, hatnzwe Kandi n'ibikoresho mumirwi SDA igizwe n'abakenyezi n'urwaruka bibafasha kwiteza imbere. Ico gikorwa kikaba catunganijwe n'ubuserukizi w'iryo shirahamwe muri commune Matongo

Photos from AISD-Burundi's post 04/07/2026

Umutumba ruvyagira, zone muyange, commune nyanza n'intara ya Burunga, igenekerezo rya 4/7/2026, Ishirahahamwe Action Intégrée à la Santé et le Développement (AISD) ryatanze ibikoresho mumigwi SDA yokwiteza imbere ihurikiyemwo urwaruka n'abakenyezi kuruyo mutumba. Ivyo bikoresho bikaba bizofasha mugutunganya imigambi yabo yokwiteza imbere

04/07/2026
Photos from AISD-Burundi's post 03/07/2026

Igenekerezo rya 03/07/2026, niho ibikorwa vyishirahamwe riharanira amagara meza n'iterambere AISD muri commune Nyanza,Intara Burunga, zone Kabonga, vyatanguzwa icese,n'Indongozi ya zone mw'ishirahamwe AISD NIMUBONA Damas,yifadikanije n'Indongozi za zone muntwaro harimwo chef de zone kabonga n'abahanuzi biwe bose ,n'abakuru b'Imitumba bose uko ari 5 bagize kabonga. Kabaye n' akaryo ko kurabirahamwe ingene hoshingwa iyindi migwi y'ama SDA yokwiteza imbere ihurikiyemwo urwaruka n'abakenyezi.

Photos from AISD-Burundi's post 03/07/2026

Igenekerezo rya 3/7/2026 muri zone Ruganza ya Commune Matongo, intara ya Butanyerera, Aho chef de zone ,abakuru b'Imitumba n'aba CAC b'ishirahamwe riharanira amagara meza n'iterambere AISD, baronkejwe ibikoresho harimwo imipira nibindi bikoresho bifasha imigwi SDA ihurikiyemwo abakenyezi n'urwaruka mukwitunganiriza imigambi yaboyokwiteza.

Photos from AISD-Burundi's post 29/06/2026
Photos from AISD-Burundi's post 29/06/2026

Igenekerezo rya 29/6/2026, ishirahahamwe riharanira amagara meza n'iterambere AISD ryuguruye ibikorwa vyaryo k'umugaragaro muri commune Nyanza, intara ya Burunga. Ivyobikorwa bikaba vyari bihurikiyemwo ubuserukizi bw'i bisata vyose bigize ubuzima bw'iyo commune. Abakuru b'amazone ya Mpinga, kabonga,Muyange, Mukubano, kazirabageni na Nyanza, ubuserukizi bw'ishirahamwe murayo mazone cokimwe n'indongozi z'ishirahamwe muri commune n'intara ndetse nuwaserukiye iryoshiramwe kurwego rw'igihugu NGOMIRAKIZA Onesphore-Chérif. Akaba yaciye ashikiriza abazokwirikirana ibikorwa vy'iryoshiramwe muri commune cokimwe n'imitumba n'amazone.

Photos from AISD-Burundi's post 19/06/2026

Igenekerezo rya 19/6/2026, Ishirahahamwe riharanira amagara meza n'iterambere AISD, ryatanze inyigisho zogukorera hamwe mumirwi SDA yokwiteza imbere kubakenyezi n'urwaruka bo muri zone bugarama, commune muhuta , intara ya Bujumbura, izonyigisho zikaba zari zitabwe n'abakenyezi n'urwaruka n'indongozi zimitumba igize iyo zone cokimwe n'indongozi za zone.Ico gikorwa kikaba cari catunganijwe n'ubuserukizi bw'ishirahamwe AISD muri commune Muhuta.

Mobile uploads 17/06/2026
Want your business to be the top-listed Beauty Salon in Bujumbura?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Category

Website

Address

Bujumbura