Wihangayika Iman irahari
Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Wihangayika Iman irahari, Health/Beauty, Gikongoro.
Mpumezegut bavand imvur Ibajyezehexe
Wihangayika Iman irahari Send a message to learn more
21/04/2022
Umukate w'Ijambo ry'Imana
Indwi ya 1 ya Pasika : ku wa kane
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (3,11-26)
Muri irya misi, Ishengero ngo ribone ca kimuga Petero na Yohani bari bakijije kitabavirira, rishwabadukira rimwe, rija iyo bari ku muryango witwa uwa Salomoni, barumirwa. Petero abibonye abarira ishengero ati: «Mwa Banyisrayeli, ikibatangaje muri ivyo ni iki? Ko muduhanze amaso nk’uko umengo twakijije uyo muntu ku bw’ububasha bwacu canke kubera icubahiro dufitiye Imana? Haba n’intete, ni Imana y’abasokuru yaninahaje umusavyi wayo Yezu, umwe mwahereza Pilato, mu kumwihakana imbere yiwe, mukagirako mukamugobera ngo amwice, yagomba kumurekura.
Mweho mwarihakanye Intungane, Umweranda, musabira ikigongwe umwicanyi. Mwari mwishe Nyenubuzima, noneho Imana yaramusubije muzima, natwe tukabibera ivyabona. Izina ryiwe ni ryo ryakijije uyu muntu mubona kandi muzi. Ukwo kwemera rero ni kwo kwamutabaje amagara imbere yanyu. None rero, benewacu, ndazi yuko mwamwishe, mwe n’abakuru banyu, ku kuyoberwa. Imana yaranguye ico yari yaratumye abahanuzi bose kuvuga yuko Kristu azobabara. Nimwigaye rero muhinduke, mukire ibicumuro vyanyu; maze, ca gihe c’uguhembuka kiva mu nyonga z’Umukama gishike, Imana ibarasaneko ize yabatabaza wa Mucunguzi yabemerera Yezu Kristu, uwo ijuru ribwirizwa kugumya gushika kuri ca gihe c’uguhindura vyose bishasha cavuzwe n’abahanuzi beranda ba kera.
Nangwa Musa yavuze ati: “Umukama azobatorera muri benewanyu umuhanuzi nkanje, muzokwumviriza ivyo azobabwira vyose; uwutazomwumvira azocibwa mu bantu.” Si we gusa, abahanuzi bose kuva kuri Samuweli n’abandi bamukurikiye bamye babura iyi misi turimwo. Muri abuzukuru b’abahanuzi, mukaba n’abo muri rya sezerano Imana yasezeranye n’abasokuru hamwe yabarira Aburahamu iti: “Imiryango y’isi yose izohezagirwa ku bw’abo mu muryango wawe.” Ni ku bwanyu Imana yasubije muzima umusavyi wayo, ikongera ikamurungika ngo abahezagire mu gukura umwe wese mu bicumuro vyiwe.»
IZABURI 8, 2.5, 6-7, 8-9
Icit.: Mukama, Mana yacu, Izina ryawe ni agahambaye kw’isi yose.
Canke: Aleluya.
Ewe Mukama, Mana yacu, Izina ryawe ni agahambaye kw’isi yose iyo iva ikagera. Mbega umuntu ni umuki, ko umwibuka, canke umwana w’umuntu ko umugendera?
Hari hasigaye gato ukamuringaniza n’Imana, umutera iteka, umutera ishaza; wamuhaye kuganza ivyo waremye, ushira vyose munsi y’ibirenge vyiwe.
Vyose, si intama si impfizi, mbere n’inyamaswa zo mw’ishamba, si inyoni zo mu kirere, si ifi zo mu kiyaga, mbere n’ivyoga vyose amazi y’ibiyaga.
INKURU NZIZA
Aleluya.
Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abava mu bapfuye, uradukunda uukadukiza ibicumuro vyacu mu maraso yawe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (24, 35-39. 41-48)
Muri irya misi, ba bigishwa bavuye i Emawusi bariko baraganirira bamwe cumi n’umwe n’abagenzi babo bari kumwe ivyo babonye mu nzira n’ingene bamenye Yezu aho yamanyura umukate. Bariko baravuga batyo, Yezu aseruka hagati yabo, ati: «Nimugire amahoro!» Ubwoba burabatekera, bagira ngo babona icijiji. Arababaza ati: «Ni igiki mutinya? Kandi mwibaza iki mu mitima yanyu? Nimurabe ibiganza n’ibirenge vyanje, ntimukekereze: ni jewe! Nimunkorakore mwitegereze: icijiji ntikigira umubiri, ntikigira amagufa nk’uko mumbona.»
Ntibari bwemere kuko bari banezerewe, kandi bari batamariwe. Arababaza ati: «Nta twokurya mufise?» Bamuhereza akamanyu k’ifi ikaranze. Aragafata, arya bose babona. Arababarira rero ati: «Ivyo ni vyo nahora ndababarira tukiri kumwe, hamwe nababwira ivyo vyose vyari vyanditswe kuri jewe mu gitabu ca Musa, mu bahanuzi no mu mazaburi, ko bizotaha.» Hanyuma abaha ubwenge ngo bashobore gutegera neza ivyari vyanditswe, ati: «Vyari vyanditswe ngo Kristu azobabara, aheze yizure mu bapfuye amaze gatatu mu kuzimu, kandi ngo kw’izina ryiwe ikigongwe abacumuye bagirirwa kizokwigishwe mu bihugu vyose, mbere bitangurire i Yeruzalemu. Kandi ni mwe muri ivyabona.»
Umugorob mwiz nshut zimana Ndachimir Abanu Bagicumbitse Kwiyisi Bakab babanye ntabo bacumbikanye neza uwitwka Abarinde
Wihangayika Iman irahari Send a message to learn more
05/04/2022
Mpubuzima Abanu nago bakunda gusenga
1 nagobasenga bagiye Kurya
2 kuryama
3 Kurugendo Haburik nukutampenya Imana koko?
Ninde mpunu wagiy kwisoko ngatubyir ukobyifache na cyinu cya 50 cyigihar Birakompey kbs MWe Aho bimezegute?
Kunguka ubumpenyi watubaza turahar
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Website
Address
NYAMAGAB
