Tujijuke
F.L.P
19/03/2026
🔴 Inyuruzwa ritangaje rya Léopold Nduwimana.
Yitwa Léopold Nduwimana. Bamwe bamwita Jean-Paul. Hariho n'abandi bamwita Prosper. Asanzwe aba muri Kenya. Yanyururijwe i Bujumbura ku wa 27.8.2025. Kuva ubwo, nta gakuru kiwe.
Léopold Nduwimana yari afise ibibazo bibiri bikomeye : ikibazo c'amatati yo mu rugo, hamwe n'ikibazo ca politike. Bino bibazo bibiri bishobora kuba vyaragize uruhara mw'inyuruzwa ryiwe.
🔴 Léopold Nduwimana ni nde ?
Léopold Nduwimana yavutse mu 1986, ava muri komine Mutambu yahahora, mu ntara ya Bujumbura. Amashure yiwe yayahagarikiye mu mwaka w'12. Yahagaritse amashure kugira ashobore gutunga urugo rwiwe, nkuko tuza kubibona.
Mu kazi kiwe yari "électricien".
Léopold Nduwimana yarubatse urugo, afise abana babiri. Léopold Nduwimana yari amaze imyaka aba muri Kenya, aho adandaza amatelefone, yanakora urwo rudandaza rw'amatekefone mu Burundi.
Léopold Nduwimana yari mu batavuga rumwe n'ubutegetsi. Yafatwa ko yegereye umugambwe CNL Muri 2015, Léopold ari mu batemeye ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, mu nyuma yarigeze gufatwa yagirizwa ko ari mu mihari yariko irafata ibirwanisho. Ariko harabuze ivyemezo, ararekurwa.
đź”´ Ikibazo co mu muryango
Léopold Nduwimana yari yubatse urugo akiri muto cane. Igihe yahagarika amashure nuko hari umunyeshure yari afise inda yiwe, baca barubakana. Muri iyi myaka ya vuba, hoba harabaye kutumvikana gukomeye hagati ya Léopold n'umukenyezi wiwe, maze bamera nk'abatandukanye. Abaryango ba Léopold bavuga ko uyo mukenyezi yigenjeje nabi cane ageze muri Kenya, mu gihe abo ku ruhande rw'umukenyezi bo bagiriza Léopold Nduwimana ko yababurije umwana kwiga none ko amutaye mu kaga. Ku ruhande rwa sebukwe wa Léopold bamwagiriza ko yariko arondera kwubakana n'uwundi mukenyezi, ko yoba yanashaka gusohora umugore wiwe mu nzu yasigaye mu Burundi kugira ayishiremwo uwundi mugore.
Izi ndyane zo mu muryango zatumye abo ku ruhande rwa Léopold Nduwimana bakeka abo ku ruhande rw'umukenyezi ko aribo bagurishije uwabo mw'iperereza. Bano bafatira ku ma audios ateye ubwoba sebukwe yigeze kurungikira Léopold Nduwimana. Muri ayo ma audio haraho yamubwiye ko ashobora kumufatisha no muri Kenya, mu Burundi hoho ngo babishatse vyoba vyoroshe cane. Sebukwe yoba yavuga ko muri Ambassade y'Uburundi i Nairobi bafiseyo umuntu yomufata. Umuryango wa Léopold Nduwimana urakeka ko umukenyezi wiwe hari amabanga y'umugabo yoba yaratanze mw'iperereza kugira bamufate.
Amakuru y'ibanga dufise aremeza ko mw'ifatwa rya Léopold Nduwimana hariho umusirikare akora muri Ambassade y'Uburundi i Nairobi abifesemwo uruhara.
🔴 Inyuruzwa rya Léopold Nduwimana
Ivyashikiye Léopold Nduwimana biri mu rutonde rw'abantu benshi banyurujwe mu Burundi muri 2025, bakagirizwa n'iperereza ko bakorana n'imihari y'abarwanyi.
Léopold Nduwimana yagiye mu Burundi amaja itariki 16.8.2025. Ntiyamenya ko yariko arakurikiranwa kuva muri Kenya. Amakuru dufise y'ibanga avuga ko yakurikiranwa na Major Jean-Baptiste akora muri Ambassade y'Uburundi i Nairobi. Kw'igenekerezo rya 27.8.2025, Léopold Nduwimana yahamagawe kuri telefone n'umuntu yoba yamubwira ngo bahurire mu Kamenge. Boba bashaka kuvugana ivyo kumushorera amatelefone. Wari umutego, abo mw'iperereza bari bakeneye kubona neza ikibanza Léopold Nduwimana arimwo, bafatiye k'uho telefone yerekana aramutse yitaba.
Amakuru dufise y'ibanga avuga ko igikorwa co gufata Léopold Nduwimana cari kirongowe na Colonel Alexis Ndayikengurutse batazira Nkoroka, yari ajejwe "operations" mw'iperereza.
Kuva Léopold Nduwimana afashwe, abiwe ntaco batakoze bamurondeza. Bararonse amakuru menshi yemeza ko yafashwe n'iperereza. Ariko mu nyuma barabuze irengero ryiwe.
Hari abigeze kwiyemerera ko aribo bafise Léopold Nduwimana, mbere baka amafaranga umuryango, abo barapfunzwe. Ni kenshi abakozi b'iperereza bakora ivyo bintu iyo hari uwunyurujwe n'iperereza. Abandi parquet imaze gusambisha ni umukenyezi wa Léopold Nduwimana kubera yigeze kwemeza ko azi aho Léopold apfungiwe, ko yimirije kujanwa muri parquet, be na sebukwe kubera amajambo yagiye aravuga yo gutera ubwoba Léopold.
🔴 Amasoko yacu yo aremeza ko Léopold Nduwimana yafashwe n'iperereza rimwagiriza ko yakorana n'imirwi y'abarwanyi. Ikintu conyene abo mu muryango w'umukenyezi boba barakoze kwoba kwabaye kumena amabanga ya Léopold Nduwimana mu kuyashira iperereza.
Léopold Nduwimana yoba akiri muzima inyuma y'amezi atandatu n'igice anyurujwe n'iperereza ? Iki nta nyishu tugifitiye. Uwogira inyishu yavyo yotwandikira muri Ndondeza kuri WhatsApp +32465651905.
đź”´ Iyi ndwi twayihariye abanyurujwe n'iperereza ry'Uburundi muri 2025. Turazi ko iperereza ryihaye ibara mu mwaka uheze. Uwoba azi abandi banyurujwe bataramenyekans yotwandikira muri Ndondeza.
Avec Eric Nyandwi – J’ai une série en cours ! Je suis super fan depuis 4 mois d’affilée. 🎉
Eric Nyandwi
17/07/2025
Nubona umu Diaspora aje mu Burundi avuye muri America akahubaka ikizu giteye ubwoba co kubamwo nukuri ntabintu birenze aba akoze kuko ni ibintu bisanzwe kiramuntu wese yokora.
Reka ndabahe urugero “ nkubu ndashobora kudandaza inzu nkibihumbi 400 vyama dollar ( $400,000 ) , ideni ryinzu narinfise nkaryishura nkaca nsigarana kumufuko $ nk’ibihumbi 250 nigabira, hanyuma nshobora guca nfata ibihumbi 100 vyama dollar ( 750,000,000 FBU ) nkaca nza mu Burundi nkahubaka ikizu cakabutindi, ibindi bihumbi 150 bisigaye navyo nsigaranye, nkaca nfata iyindi nzu ry’ideni hano muri America .
Jewe ikintu ntatahura, sinumva ingene no kubaka inzu y’igitangaza muri Africa ntariko ndabamwo , ubwo bushobozi ndabufise iyo nzu noyubaka hano muri America nkaba mwivyo vyiza, mu ntahure neza, jewe simpinze abaza kubaka mu Burundi , ariko nimba uhisemwo kubaka inzu mu gihugu, kuki utoca wimuka ukabayo? Hari abakubwira ko bazikotesha, bigeze mwurwo rwego, urumva ko itakiri “ resident home “ ahubwo ibaye Guest house , gusa jewe Ayo mahera utakaza mu kubaka inzu utari bubemwo, wopfuma uyasohora akubaka ikintu kizofasha abandi bantu kandi benshi ( ibitaro, amashure hamwe n’ibindi) .
Benefit yo nyene je mbona yokubaka muri Africa , nuko ibintu biri cheap ( birazimbutse) $100,000 vyama dollar birashobora kubaka inzu y’igitangaza muri Africa , ni mugihe ibihumbi 100 vyama dollar , hano n’ikibanza ushobora kukibura kwayo mahera
21/02/2022
155000 FBU
29/11/2021
Kubantu mwifuza gushaza muriy 'imisi mikuru...twabazaniye ibirato vyiza vyabagabo hamwe na ba maman, n'impuzu zabana nazonye muraronka kukabeyi keza ..nimba uri intéressé wondondera kuri :
📱79415799
24/11/2021
Ukaba ufise ikibazo co kuvyibuha kurugezo udashaka...! ukama nantaryo wibaza ingene wogabanya ibiro..!
Nturire ngo uhogore..kuko umuti warabonetse..!twabazaniye produit nziza cane..ituma muta ibiro mumwanya muto..!zangorane zose zatuma mugira stresse, mukavyimba amaguru, mukababara musi y'ibirenge, ibinure bikuzura inda,guhema ukumva umengo umutima ugira uhagarare...izo ngorane zose zigiye guhagarara hamwe mwohitamwo iyi produit tubazaniye...!
Mukeneye kumenya vyinshi mwoturondera kuri :79415799
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Contact the business
Telephone
Website
Address
Kangaro
Bujumbura
