IJWI RYA YESU

IJWI RYA YESU

Share

Mpwemu w'Uhoraho ari kuri jewe,
Ni co catumye andobanuza amavuta ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza.

19/06/2026

👇Umwansi wawe ntazogushobora:

Uhoraho ni we muco wanje n'agakiza kanje: nzotinya nde?
Uhoraho ni we gihome gikingira ubugingo bganje, ni nde azonca ivutu?
Hamwe inkozi z'ibibi zari zinziye ngo zirye inyama zanje,
Ni bo barwanizi banje n'ababisha banje, baratsitaye, baratemba.
Nah' ingabo zosagaza ngo zintere,
Umutima wanje ntiwotinya;
Nah' intambara yovyuka ikandwanya,
No muri yo norema.
Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka:
N'ukuba mu ngoro y'Uhoraho imisi yose y'ubugingo bganje,
Nkaraba ubgiza bg'Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.
Kuko ku musi w'amagorwa azonzigama akampisha mw ihema ryiwe,
Mu bgigobeko bgo mw ihema ryiwe ni ho azompisha;
Azonshira hejuru, ampagarike ku gitandara.
N'ubu, umutwe wanje uzoshirwa hejuru y'abansi banje bankikije;
Nanje nzotangira ibimazi vy'umunezero mw ihema ryiwe,
Nzoririmba, ego cane nzoririmbira Uhoraho amatazirano.
Uhoraho we, umve gutaka kw'ijwi ryanje,
Utek' ungirire ikigongwe, unyishure.
Wavuze, uti Ni murondere mu nyonga hanje; umutima wanje urakwishuye,
Uti Mu nyonga hawe ndaharondera, Uhoraho.
Ntumpishe mu nyonga hawe,
Ntiwirukanishe umusavyi wawe uburake.
Ni wewe wahoze ur' umutabazi wanje,
Ntunte, ntumpebe, Mana y'agakiza kanje.
N'iyo data na mama bonta,
Uhoraho azonyitorera.
Zaburi 27:1-10

IJWI RYA YESU

18/06/2026

Imana mukundwa

IJWI RYA YESU
fans

18/06/2026

Urahiriwe Karusi wewe wemeye kwakira ibirenge bizanye inkuru nziza y'Umwami Yesu Christo

Imyaka 10 izoba irangiye ishengero ibayeho,kw'igenegerezo rya 5 Mukakaro 2026 nico gituma amashengero yose ya azoba yakoraniye muri Commune Karusi.

Kaze twigine Imyaka 10 ishengero rimaze riri ku butaka bw'uburundi.






IJWI RYA YESU

18/06/2026

👇Bantu b'Imana ibi birababaje😭😭
😒 "Narakubiswe ndavunika ukuboko, nzira ko nanduye indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka"

👆🏾Iyo ni intahe ya M.B*, umukenyezi umwe mu basomyi bacu yadusavye ko ibijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka zosubira zigahimirizwako. Avuga ko ubumenyi buke ku bijanye n’izo ndwara zifatira ku bihimba vy’irondoka ari kimwe mu bishobora gutuma haba urwikeko hagati y’abubakanye kubera ukutamenya.

💁🏾 Uno mukenyezi yashinze intahe avuga ko "bajanye kwa muganga n'umugabo wiwe niko gusanga arwaye imwe muri izo ndwara. Akimara kuvyumva yahereye aho bashwana ngo yamukwegeye kubera gushurashura. Gushika n'aho bataha agashika amubundagura, mpaka avunye ukuboko."

🙆🏾‍♀️ Ariko rero si abakuze gusa n’urwaruka rufise ubumenyi buke cane cane mu gihugu hagati. Mu cigwa cashizwe ahabona n’umugambi "Menyumenyeshe", mu 2020, nk’uko umwanditsi wa Yaga yabigarutseko aha : https://shorturl.at/bltEd, kirerekana ko urwaruka n’imiyabaga, bafise hagati y’imyaka 10 na 24, bafise ubumenyi buke mu bijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.

📊 Muri ico cigwa, izo ndwara zizwi n’abashika 15,5 % muri iyo miyabaga n’urwaruka. Uretse umugera wa Sida, indwara bita ko bazi muri zo ni Isofisi (syphilis) izwi n’umwe kuri batatu mu babajijwe. Bake cane ni bo bari bamaze kwumva havugwa iyitwa karamidiya (Chlamidiose); bashika 10,3 %, mu gihe Agashangaza (Gonococcie) izwi n’abari ku rugero rwa 8,3 %.

📈 Abafise igitsina gabo ni bo bitwa ko babiziko ikintu, k*ko mu babajijwe, bari ku rugero rwa 74,3 %, mu gihe abakobwa na bo bangana 68 %. Muri rusangi, ico gihe urwaruka ruzi ibijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka rwashika 15,5 %.

❔Aho mubaye, mufise ubumenyi bungana gute kuri izo ndwara ? 🎤

18/06/2026

👇🥰wewe uri Bujumbura ikikibanza ntusibe umwami yesu azokorera abantu biwe biciye mwaya makoraniro

IJWI RYA YESU

17/06/2026

Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena.
Amvyagiza mu canya c'ubgatsi butotahaye:
Andongorera i ruhande y'amazi adasuma:
Aremesha umutima wanje.
Anyobora mu nzira zo kugororoka kubg' izina ryiwe.
Mbere naho noca mu mwonga w'igitutu c'urupfu
Sinzogira ikibi ntinya; k*k' uri kumwe nanje:
Inyobozo yawe n'ubuhiri bgawe ni vyo bimpumuriza.
Untegurira ameza mu maso y'abansi banje;
Wansize amavuta mu mutwe; igikombe canje kirasesekaye.
N'ukuri ivyiza n'imbabazi bizonyomako imisi yose y'ukubaho kwanje,
Nanje nzoba mu ngoro y'Uhoraho ibihe vyose.
Zaburi 23:6

17/06/2026

Uha umworo ntazokwigera akena,
Arik' umwirengagiza azogira imivumo myinshi.
Imigani 28:27

Photos from IJWI RYA YESU's post 17/06/2026

🔥🥰Ihiganwa ryitiriwe ivyuzuye award ritegurwa numukozi WIMANA of jesus Joshua
Riregereje ngiyi imodoka izohabwa uwuzoyitsindira

IJWI RYA YESU

16/06/2026

NGO UMUNTU ATUNZE CANE NGO BIBA VYAVUYE KUZIMU OYA REKA😃🤣

16/06/2026

Ukuri kuzuye

Want your business to be the top-listed Beauty Salon in Bujumbura?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Website

Address


Bujumbura